Amakuru
28 juillet 2024

ACAT-Burundi isaba leta gushiraho uburyo bwiza bufasha abanyororo kubaho neza

Agateka k’abanyororo kabandanije gahonyangwa muri aya mezi atatu aheze aho abanyororo baborejwe igufa hirya no hino mu mabohero atandukanye, abandi babura imfungurwa, hatibagiwe ubwinshi bwabo n’isuku rike ry’aho barara n’uko bigorana kugira abakitswe n’amagara bashobore kuronka impusha zo kuja kwa muganga. Ivyo biri mu cegeranyo cakozwe n’ishirahamwe ACAT-Burundi ku bijanye n’ihonyangwa ry’agateka k’abanyororo muri aya mezi atatu aheze. Umushingwamanza Jean claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata kijanye n’amategeko mw’ishirahamwe ACAT-Burundi, avuga ko n’aho leta yatanguje umugambi wo kugabanya abanyororo bapfungiwe mu mabohero, n’ubu ibitigiri vyabo bikiri hejuru cane uravye n’aho baba bapfungiwe.