Amakuru
12 octobre 2022

ACAT-Burundi isaba irekurwa ata gisabwe ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye

Ipfungwa ry’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye ryerekana neza ko ata kirahinduka na kimwe mu bijanye n’agateka ka zina muntu, na rirya hari abashigikira Uburundi bavuga ko hari icahindutse. Bivugwa n’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, asigura ko ipfungwa ryiwe ridakurikije amategeko na rirya arengeje iminsi 30 apfunzwe kandi atararengutswa imbere y’ubutungane. Muri ACAT-Burundi, bagasaba ko yorekurwa atakirinze gusabwa kuko ata co ariko arazira.