Amakuru
16 janvier 2024

ACAT-Burundi iriyamiriza iterabwoba rikorerwa uwurongoye ibohero rya Bubanza

Ishirahamwe ACAT-Burundi rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ririyamiriza ingendo mbi y’uwurongoye amabahorero mu Burundi amaze iminsi atera ubwoba umuyobozi w’ibohero rya Bubanza. Ico amuhora ngo ni uko afata neza umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye apfungiwe muri iryo bohero. Muri iryo shirahamwe bakavuga ko ahubwo uwo arongoye amabohero yari akwiye kwitaho ingorane zitari nke zugarije abanyororo. Anitha Gateretse, ajejwe gutunganya ibikorwa muri ACAT-Burundi, asaba ko agateka k’uwo mumenyeshamakuru kubahirizwa mw’ibohero rya Bubanza.