Amakuru
14 avril 2023

ACAT-Burundi iriyamiriza ihonyangwa rya kiremwa muntu mu mabohero atandukanye mu gihugu

Ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu mabohero atandukanye ari mu gihugu, ryaribonekeje mu buryo bwinshi mu mezi atatu aheze, harimwo ubukene bw’imfungurwa, kwima impusha abanyororo zo kuja kwivuza, n’ibitigiri vy’umurengera mu mabohero. Ivyo biri mu cegeranyo c’amezi atatu c’ishirahamwe ACAT-Burundi rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu mu Burundi. Ku bw’umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, abanyororo baturuka mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD, bafadikanije n’abajejwe intwaro mu mabohero, bakaba badomwako urutoke muri ubwo bubisha buhonyanga agateka k’abanyororo.