Umunyororo azwi kw’izina rya Léonidas Ngendanzi, yavuka mu ntara ya Karusi, yarishwe akubiswe na bagenzi biwe mw’ijoro ryo ku wa mbere rishira uwa kabiri mw’ibohero rikuru rya Gitega. Uwo munyororo yishwe akubiswe n’abari muri komite y’umutekano muri iryo bohero. Bakaba bamuziza ko atubahirije amategeko y’isuku. Yarakubiswe arashaya gushika n’aho yitaba Imana. Mw’ishirahamwe ACAT-Burundi rigwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu, bariyamiriza iyo ngendo y’uko abanyororo bashobora guhana bagenzi babo gushika n’aho babica. Anitha Gateretse, ajejwe gutunganya ibikorwa muri ACAT-Burundi, asaba abakoze iryo bara ko bohanwa vy’akarorero hakurikijwe amategeko.
Amakuru
17 mai 2023