Amakuru
8 janvier 2023

AC-Génocide ntizoreka kwibuka Abatutsi biciwe mu Kibimba bazira ubwoko bwabo

AC-Génocide ntiyoreka kuja kwibuka mu Kibimba ngo ije ku cibutso rusangi. Bivugwa na Emmanuel Nkurunziza, arongoye iryo shirahamwe muri Canada. Abivuze inyuma y’aho umukuru w’Igihugu Evariste Ndayishimiye asabiye ko ababuriye mu Kibimba boza baraja kwibukira ku cibutso kimwe c’abahitanywe n’ubwicanyi bwo mu 1993. Emmanuel Nkurunziza asaba abarongoye igihugu ahubwo ko bari bakwiye kwikubita agashi bagahora baja na bo kubibuka.