Amakuru
25 juin 2024

Abize amategeko bariyamiriza ikoreshwa ry’ubutungane mu rubanza rw’abasirikare b’Abarundi

Ubutungane bwokwikubita agashi bukareka kuba igikoresho c’ubutegetsi, maze bugasoma amategeko ku basirikare banse kugwana n’umuhari M23 muri Congo. Ako ni akamo k’umushingwamanza Janvier Bigirimana. Avuga ko muri urwo rubanza abo basirikare baciriwe ibihano bikomeye ari agatotezo ku gisirikare, ivyo mbere bishobora no gukora no ku butegetsi hamwe butovyifatamwo neza. Janvier Bigirimana agasaba ko igihe abo basirikare bazokwunguruza bohabwa uburenganzira bwo kuburanirwa n’abashingwamanza bo nyene bitoreye.