Amakuru
27 avril 2023

Abatumyeko imyiyerekeno mu 2015 barakeje ko yitabwe n’Abarundi mu butandukane bwabo

Mu mwaka w’2015 Abarundi bose mu butandukane bwabo barahagurutse bariyamiriza ihonyangwa ry’Amasezerano ya Arusha n’Ibwirizwa nshingiro ryayakomokako. Ivyo vyarakejwe n’abari batumyeko iyo myiyerekano bari bahurikiye mu runani bari bise Mouvement Arusha. Vital Nshimirimana, yari arurongoye, akavuga ko banezerewe kuko ryari ribaye irya mbere Abarundi basangira urugamba rumwe bataravye ubwoko, intara canke ibindi bibatandukanya. Akavuga ko ivyagoranye vyavuye ku ntwaro mbi ya CNDD-FDD, na cane cane ku kutumva kw’umuhisi Petero Nkurunziza.