Amakuru
14 août 2024

Abatoba mu gisata c’igitoro barazwi (E. Ndayishimiye)

Évariste Ndayishimiye avuga ko yatoreye umuti ikibazo c’igitoro kubera yamaze kumenya abatovyi batuma kibura. Umukuru w’Igihugu avuga ko abo bantu barondera inyungu zabo bagatuma igihugu kihahombera ibice 36 % vy’ikiguzi. Akaba yabivuze ku munsi wa mbere aho yariko afashanya n’abanyagihugu gusukura ibarabara rya mbere n’irya kabiri muri zone ya Musaga mu gisagara ca Bujumbura. Évariste Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko kuri uwo munsi nyene, hari igitoro categerezwa gushika mu Burundi.