Abategetsi b’Uburundi barakwiye kuva mu gacerere bagahumuriza abanyagihugu birirwa barahitanwa n’ibitero vy’imirwi yitwaje ibirwanisho. Umutego wo kuri uyu wa 26 Ruheshi 2021 muri komine ya Rutegama uje wiyongera ku wundi wari wabaye ku wa 10 Ruheshi mu ntara nyene ya Muramvya hamwe n’ibitero vy’amagrenades mu gisagara ca Bujumbura. Urunani rw’abashingwanza CAVIB ruratera ivyatsi ivyo bitero bidasiba guhitana abanyagihugu b’abasivile nk’uko bishikirizwa n’umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urwo runani.
Amakuru
29 juin 2021