Abakuru b’Ibihugu bigize Umuryango wa Afrika y’ubuseruko basabwa kugira uko bashoboye kugira bahagarike indyane za politike hagati y’ibihugu bimwe bimwe bigize uwo muryango. Atari uko, nta nyungu uwo muryango uzoba umariye abawugize. Akamo gaterwa na Faustin Ndikumana, umuhinga mu vy’ubutunzi akaba n’umukuru w’Ishirahamwe rikangurira Abarundi guhindura ingendo (PARCEM). Ku bwiwe, abanyagihugu baba mu bihugu bigize umuryango wa EAC, bazobandanya bahanzwe n’ibibazo vy’ubutunzi biturutse ku kudahanahana ibidandazwa, biterwa n’uwo mutekano muke.
Amakuru
26 juillet 2022