Amakuru
22 janvier 2022

Abatari mu mugambwe CNDD-FDD ntibaba bari abansi b’igihugu

Abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD basabwa guheba ico cose kibigiza kure y’icivugo cabo « Twashize imbere Imana ». Hari mu nkuka y’Imisa yaherejwe na Musenyeri mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega yuguruye igikorane bitiriye ico gushimira Imana, catunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD kuri uyu wa kane. Musenyeri Simoni Ntamwana yabasavye kandi kuba intungane kuri bose bataravye gusa abanywanyi b’umugambwe wabo.