Amakuru
6 avril 2024

Abarundi bahamagarirwa kurengera ibijanye n’ubwoko bibatandukanya (Mgr Ntamwana)

Abarundi bategerezwa kuvavanura n’urwanko n’amacakubiri bishingiye ku bwoko. Ako kamo gaterwa na musenyeri Simoni Ntamwana, yahoze ari umwungere mukuru wa diyoseze ya Gitega. Abona ko Abarundi bari bakwiye kubona ko ari bamwe, ko ata n’umwe yari akwiye kwitwaza ubwoko bwiwe mu ntumbero yo kugirira nabi uwo badasangiye ubwoko canke ngo amukumire. Ahamagarira Abarundi bose gushira imbere urukundo n’umwumvikano mu budasa bwabo mu vyerekeye ubwoko. Abona ko ari yo nzira yotuma n’igihugu gitera imbere. Yabivugiye mu kiganiro yahaye radiyo Ijwi rya Amerika.