Amakuru
15 janvier 2024

Abasirikare ba mbere ba MONUSCO bagiye kuva muri Congo muri uku kwezi kwa Nzero (C. Lutundula)

Si agaseseshwarumuri, umurwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU wari ujejwe kugarukana amahoro n’umutekano muri Congo, MONUSCO, ugiye kuva muri ico gihugu. Christophe Lutundula, icegera c’umushikiranganji wa Mbere akaba n’umushikiranganji w’Imigenderanire muri Congo, yabimenyesheje kuri uyu wa Mungu itariki 14 Nzero mu kiganiro yagize n’abamenyeshamakuru, aho leta ya Congo n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bariko barashikiriza uko bariko barakorera hamwe ngo bashire mu ngiro isezererwa ry’umurwi wa MONUSCO ryashizweko umukono n’inama y’umutekano mu mwaka w’2018. Christophe Lutundula amenyesha ko abasirikare ba mbere bazotangura kuvanwa muri Congo kuva muri uku kwezi kwa Nzero gushika mu kwa Ndamukiza, bakazotangurira muri Kivu y’epfo.