Amakuru
25 novembre 2023

Abashingwamanza b’Abarundi bariko bungura ubumenyi ku mategeko mpuzamakungu (Jean de Dieu Muhuzenge)

Uburundi bwarakiriye muri ino ndwi inama igira 28 ihuza amashirahamwe y’abashingwamanza bagize umuryango wa Afrika y’ubuseruko. Akaryo keza ku bacamanza b’Abarundi ko kumenya kurusha amategeko mpuzamakungu kugira ubutungane bwizerwe mu Burundi. Ku bwa Me Jean de Dieu Muhuzenge, arongoye ihuriro ry’abashingwamanza mu Burundi, ngo ni akaryo ko kuronka ubumenyi mu bijanye n’iyubahirizwa ry’amategeko, intwaro ishingiye ku mategeko hamwe n’iyubahirizwa rya kiremwa muntu.