Amakuru
18 janvier 2022

Abashingamateka bakwiye kuba akarorero mu kwubahiriza amategeko yo kwikingira umugera wa Corona

Abashingamateka bari bakwiye kwisubirako bakambara udupfukamunwa kugira bikingire umugera wa Corona. Impanuro yahawe abashingamateka na Gélase Daniel Ndabirabe, umukuru w’Inama nshingamateka. Hari ku wa kabiri w’indwi iheze mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, ubutumwa atanze inyuma y’amezi make abashingamateka batari bake banduye uwo mugera. Mw’ijambo ryiwe ryo kwugurura ibikorwa vy’uwo munsi, Gélase Daniel Ndabirabe yaraneguye abantu bicandagisha ariko mu nyuma bakarwara Corona.