Amakuru
23 septembre 2022

Abarundi imiliyoni 12 babayeho mu karenganyo bipfuza kubohorwa

Abarundi uko ari imiliyoni 12 bategerezwa gukurwa mu karenganyo barimwo. Ako ni akamo Alexis Sinduhije, arongoye umugambwe MSD, atera abakuru b’ibihugu bitabiriye inama igira 77 ihuza ibihugu n’amaleta bihurikiye mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Alexis Sinduhije akabibutsa ko Abarundi uno munsi bicwa, bapfungwa, bakanyagwa, bagakorerwa n’ayandi mabi akomeye atacamira.