Amakuru
3 novembre 2023

Abarundi bose bazoba bafise amazi meza mu mwaka w’2030 (Ubuyobozi bujejwe amazi meza)

Abarundi bafise amazi meza ku bice 58 %. Bivugwa na Nestor Girukwishaka, umuyobozi ajejwe amazi meza n’isuku ry’ibanze. Hari mu nama yabaye kuri uyu wa kabiri ihuza amashirahamwe yose akorera muri ivyo bisata. Akaba yamenyesheje ko bapfunditse ko bagiye gukora ibishoboka vyose kugira mu mwaka w’2030 Abarundi bose bazobe bafise amazi meza.