Amakuru
20 octobre 2021

Abarundi bakwiye kwicandagisha hako bumviriza ivyo umushikiranganji wa mbere yavuze

Imvugo y’umushikiranganji wa mbere abuza abanyagihugu gufata incanco zikingira ikiza ca Corona, ngo ni imvugo idatangaje na gato kuko abategetsi b’Uburundi batigeze bafata ingingo ruhasha zo gukingira Abarundi ico kiza kuva gitangura mu Burundi. Bivugwa n’umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, umunyamabanga mukuru w’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS). Kuri we, ngo Abarundi bari bakwiye kutumviriza iyo mvugo ahubwo bakicandagisha ngo kuko n’ubundi nta muti canke izindi ncanco zidafise ingaruka zazo.