Abarundi barenga ibihumbi amajana icenda na mirongo ine barakeneye gufashwa vyihuta muri uyu mwaka. Vyashikirijwe kuri uyu wa kane na Damien Mama, umuhuzabikorwa mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi. Ni mu gihe hatanguzwa umugambi wo gufasha abanyagihugu. Damien Mama akamenyesha ko hakenewe imiliyoni zirenga ijana na mirongo umunani z’amadolari y’Abanyamerika kugira bashobore gutorera inyishu ico kibazo.
Amakuru
23 avril 2022
