Amakuru
4 novembre 2023

Abarongoye Uburundi bari bakwiye kwisunga ivyiyumviro vya Ndadaye (Chauvineau Mugwengezo)

Indyane ziri mu Burundi gushika uno munsi zakomotse kw’igandagurwa rya Ndadaye. Bivugwa na Chauvineau Mugwengezo, arongoye umugambwe UPD-Zigamibanga. Atera akamo indongozi ko zari zikwiye kwikubita agashi zikagendera ivyiyumviro vy’intwaro rusangi vyaranga Melchior Ndadaye.