Amakuru
23 mai 2023

Abarongoye ibitaro Kira ivy’imfatakibanza bagirizwa gushigikira uruhande rumwe rw’abanyamitahe bato

Uburongozi bw’imfatakibanza bw’ibitaro Kira buradomwako urutoke mu guhengamira ku ruhande rumwe rw’abari mu matati ku bijanye n’urubanza rw’ipfungwa rya muganga Christophe Sahabo. Umushingwamanza Gustave Niyonzima, akurikiranira hafi iyo dosiye, avuga ko mu gihe urubanza rukiri mu butungane, ubuyobozi mfatakibanza bw’ibitaro Kira n’abanyamitahe bato bato bari bakwiye kureka kwitwara nk’ababuranira leta muri urwo rubanza, bakarindira aho ruzocika.