Amakuru
21 mars 2023

Abapolisi bahamagarirwa gufata iya mbere mu ntwaro ibereye

Abapolisi barasabwa gukora ico bajejwe kandi biyemeje kugira ngo bakingire abanyagihugu. Ivyo ni ivyasabwe na Martin Niteretse, umushikiranganji w’Umutekano, aho yari yakoranije kuri uyu wa mbere itariki 20 Ntwarante abajejwe umutekano bakorera mu karere k’ubumanuko bw’igihugu. Martin Niteretse akaba yiyemeje kandi ko ibibazo bavuze ko bafise bigiye gutorerwa inyishu.