Amakuru
7 juillet 2022

Abapfungiwe imvo za politike babandanya gukorerwa amabi mu mabohero

Ugufatwa nabi, ukutaronswa uburenganzira bwo kuvuzwa, ubukene bw’imfungurwa mu mabohero hamwe n’ukudashira mu ngiro ingingo za Sentare, ni amwe mu mabi ahonyanga amategeko agenga abapfungwa yatohojwe n’Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu mu mabohero atandukanye mu gihugu. Mu cegeranyo co kuva mu kwezi kwa Ndamukiza gushika mu kwa Ruheshi uyu mwaka, ishirahamwe ACAT-Burundi ririyamiriza ihohoterwa rigirirwa abapfungiwe imvo za politike. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri iryo shirahamwe, agasaba leta gushiraho ingingo zubahiriza abanyororo biciye mu kugabanya igitigiri c’abapfungwa mu mabohero kandi n’abapfunzwe bagafatwa kumwe.