Amakuru
25 juillet 2024

Abanywanyi b’amashirahamwe yo kuvuzanya mu Burundi baracari bake cane (O. Nijimbere)

Urugero rw’abivuza biciye mu mashirahamwe yo kuvuzanya mu Burundi, ruracari hasi kuko ruharurwa ku bice 2,4 %. Ivyo vyamenyeshejwe ku munsi wa kabiri mu nama ihuza abo bose begwa n’ico kibazo co kwivuza biciye mu buryo bw’amashirahamwe mu Burundi. Muganga Olivier Nijimbere, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Amagara y’abantu, amenyesha ko urwo rugero ruto ruva ahanini ku kutamenya akamaro k’ayo mashirahamwe. Ahamagarira Abarundi kwinjira muri ayo mashirahamwe yo kuvuzanya imbere y’uko bakikwa n’amagara, kugira bashobore kuvugwa bitabanje kubasaba amafaranga menshi.