Agateka k’abanyororo karabangamiwe cane mu kiringo ca Nyakanga kugeza Kigarama mu mwaka uheze w’2021. Ivyo tubisanga mu cegeranyo casohowe n’Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi). Muri ico cegeranyo, muvyo iryo shirahamwe ryerekana harimwo nk’ikena ry’ibifungurwa no kubura uburyo bwo kuja kwivuza. Me Jean Claude Ntiburumunsi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, asaba leta y’Uburundi ko yokora ibishoboka kugira agateka k’abo banyororo kubahirizwe.
Amakuru
12 janvier 2022