Pierre Bizimana ni umwe mu bandi banyagihugu bahejeje igihano co gupfungwa ariko n’ubu bakibarizwa mw’ibohero. Akaba apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Gitega. Ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu (ACAT-Burundi) rimenyesha ko hari n’abandi bo mu mugambwe MSD bagipfunzwe kandi barahejeje igihano cabo co gupfungwa. Umushingwamanza Jean Claude Ntiburumusi, ajejwe igisata c’amategeko muri ACAT-Burundi, agasaba inzego za leta nk’ubushikiranganji bw’Ubutungane n’umurwi ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, gukora ibishoboka vyose kugira abo banyagihugu basohoke amabohero.
Amakuru
26 mars 2022