Ihohoterwa rikorerwa abanyororo riguma ryibonekeza mu mabohero atandukanye y’igihugu c’Uburundi. Biri mu cegeranyo c’ishirahamwe ACAT-Burundi co mu kwezi kwa gatanu n’ukwa gatandatu uno mwaka. Ico cegeranyo kimenyesha ko baborezwa igufa, bakabura ingene bivuza, ibitigiri vy’umurengera bibarizwa muri ayo mabohero n’ibindi. Abagirizwa kubahohotera ni bamwe mu banywanyi b’umugambwe CNDD-FDD bapfunzwe, binyegeza inyuma y’ico bise « komité y’umutekano», bagakorana n’abajejwe intwaro mu mabohero hamwe n’abapolisi.
Amakuru
9 juillet 2021
