Amakuru
1 novembre 2022

Abanyeshure bo mu makambi y’impunzi muri Tanzaniya ntibazosubira gukora ibibazo vya Leta

Kuva ubu, abanyeshure b’Abarundi bari mu makambi y’impunzi ngo ntibazosubira gukora ibibazo vya Leta. Vyashikirijwe n’umushikiranganji w’Indero. Hari mu gihe François Havyarimana yari aramutse ashikiriza ivyo ubushikiranganji arongoye bwaranguye mu mezi atatu aheze y’igice ca mbere c’umwaka wa leta.