Amakuru
30 décembre 2022

Abanyeshure 1192 bariko bakora ikibazo co kwinjira mu bisata vy’akarorero muri kaminuza

Abanyeshure bababa 1 200 ni bo kuva ku munsi wa kane bariko bakora ikibazo kibaha uburenganzira bwo kwinjira mu bisata vy’akarorero muri kaminuza y’igihugu. Ico kibazo kikaba catangujwe n’umushikiranganji w’Indero kw’ishure Don Bosco mu ntara ya Ngozi, ahakoreye abanyeshure bo mu buraruko bw’igihugu. François Havyarimana akaba yamenyesheje ko abazomenya bashobora kwiga ibisata vya nkenerwa mu gihugu. Kurikira.