Amakuru
31 mars 2023

Abanyamitahe minini b’ibitaro Kira bavuga ko ubutungane buriko burakoreshwa mw’idosiye ya Sahabo

Abafise imitahe minini mu bitaro Kira Hospital bandikiye ikete Sentare nkuru y’igihugu ya Muha kuri uyu wa kane batunga urutoke ku kuntu ibitaro Kira bisa n’ibiriko vyivanga cane mw’itunganywa ry’ivyerekeye ubutungane mu bijanye ni dosiye isanzwe iri imbere y’iyo sentare ihuza parike na Muganga Christophe Sahabo. Kuri abo banyamitahe, itunganywa ry’ibitaro Kira ryamye rirangwa n’inama n’ingingo, nta muntu n’umwe yigeze aryizizira. Basaba bashimitse ko iyo dosiye nomero RP 4437 yofutwa, atari uko ngo bazoca bashingisha urubanza baciye mu nzego zizwi n’amategeko. Umushingwamanza Gustave NIyonzima, umwe mu bashingwamanza bakurikiranira hafi urwo rubanza, arasigura ibiri muri iryo kete.