Amakuru
10 janvier 2023

Abanyamitahe kizigenza b’ibitaro KIRA barahagaritswe umutima n’ingendo yo guhombesha ivyo bitaro

Abanyamitahe kizigenza b’ibitaro KIRA barungikiye kuri uno wa mbere ikete ubuyobozi bw’ivyo bitaro. Muri iryo kete, abo banyamitahe bashira ahabona ibimenyetso vyerekana ingene ivyo bitaro KIRA biriko biratemba. Ku bw’umushingwamanza Gustave Niyonzima, akurikiranira hafi urwo rubanza, bimwe mu vyo abo banyamitahe bafatirako, ni nk’isohorwa mu kigega ry’amafaranga atagira insiguro, abakozi bafise ubumenyi bukwiye babandanya bahava, n’ugucerwa guhemba abakozi b’ibitaro. Abo banyamitahe basaba gusubira gushirwa mw’itunganywa ry’ivyo bitaro kugira bafashe amazi atararenga inkombe.