Amakuru
27 juillet 2022

Abanyagihugu ba Goma barirukanye MONUSCO burundu kuko itashoboye kugarukana amahoro

Inyuma y’igitero abanyagihugu bo mu gisagara ca Goma bagize ku cicaro c’ibiro c’inteko za ONU (MONUSCO) kuri uyu wa mbere, n’ubu haracari uguhangana hagati y’abanyagihugu hamwe n’abapolisi n’abasirikare bacunze ahahora izo nteko. Abanyagihugu baba bitwaje ibihiri hamwe n’amabuye, barondera kwinjira kugira babandanye gusahura ibikoresho vy’ibiro vya MONUSCO. Muri ico gitero catangujwe n’imyiyerekano yo kwiyamiriza izo nteko, harafashwe abanyagihugu bari muri yo, ubu bakaba bari mu minwe y’inzego z’umutekano.