Amakuru
7 septembre 2021

Abantu barenga 20 bishwe muri Myandagaro, birateye ubwoba ACAT-Burundi

Abantu 24 barishwe, 30 barahagarikwa bidaciye mu mategeko, 3 baranyuruzwa hamwe na 11 basinzikarijwe ubuzima, nk’uko biri mu cegeranyo c’ukwezi kwa Myandagaro 2021 c’ishirahamwe rukristu rirwanya ihohoterwa rya kiremwa muntu ACAT-Burundi. Ayo mabi ahanini akaba yakozwe na bamwe mu mbonerakure hamwe na bamwe mu bakozi bo mw’iperereza. Bishikirizwa na Augustin Nimubona, ajejwe igisata co kumenyesha amakuru muri ACAT-Burundi. Iryo shirahamwe risaba Leta y’Uburundi guhagarika iryo hohoterwa ry’agateka ka zina muntu hamwe no guhana abo bose bakora ayo mabi biciye mu mategeko.