Amakuru
3 novembre 2021

Abantu barenga 14 barishwe bunyamaswa bongera barahambwa batigeze bamenya umwidondoro mu Cibitoke

Ubwicanyi bw’agahomerabunwa bumaze iminsi bwibonekeza na cane cane muri izi ndwi ziheze aho abantu 14 bishwe bunyamaswa bagatabwa mu nzuzi no mu mashamba y’intara ya Cibitoke. Ubutegetsi bw’igihugu buhitamwo kuguma mu gacerere bukarengerako guhamba ivyo biziga ata matohoza akozwe. Ingendo yiyamirizwa n’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Kubw’umushingwamanza Immaculée Hunja, arongoye uwo muhari, ubwo bwicanyi butagira izina bukorerwa abana b’Uburundi kandi bugakorwa n’abobakingiye. Asaba umukuru w’Igihugu, we afise ububasha bwose ngo azigame umutekano, kuva mu gacerere yongere ahagarike ubwo bwicanyi bukorwa ata camira ngo buhanwe.