Amakuru
21 août 2021

Abantu bane baherutse gufatwa n’iperereza i Bujumbura, bafungiwe he ?

Isekeza Ndondeza rirasaba urwego rw’iperereza kuvuga aho abantu bane ruheruka guhagarika mu gisagara ca Bujumbura bafungiwe. Bamaze indwi zitatu bafashwe, ariko ntawuzi irengero ryabo. Mu gihe bivugwa ko hari abantu iperereza ryoba rimaze iminsi ryica, bamwe mu ncuti z’abo bantu bane bafise ubwoba ko batakiriho. Pacifique Nininahazwe, yatanguje isekeza Ndondeza, amenyesha ko incuti z’abo bantu zikeneye kumenya aho bafungiwe n’aho dosiye zabo zigeze.