Amakuru
3 août 2021

Abantu 17 baragandaguwe n’Imbonerakure muri Mukakaro nk’uko biri mu cegeranyo ca ACAT-Burundi

Abantu 17 barishwe, 13 baranyuruzwa, 37 nabo bahagarikwa bidaciye mu mategeko mu kwezi kwa Mukakaro. Ivyo biri mu cegeranyo casohowe n’ishirahamwe ACAT-Burundi c’ukwezi kurangiye. Kubwa ACAT-Burundi, ayo mabi yose ahanini akaba yakozwe cane cane n’Imbonerakure hamwe na bamwe mu bakozi bo mw’iperereza. ACAT-Burundi igasaba Leta y’Uburundi guhagarika iryo hohoterwa rya kiremwa muntu hamwe no guhana abakora ayo mabi.