Amakuru
30 avril 2024

Abandi bashingantahe b’ahandi barerekanye ko ikiringo ca gatatu kidakurikije amategeko (S. Ntamwana)

Musenyeri Simon Ntamwana ararahira akarengwa ko aho yari ahagaze ku kiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza mu 2015 atazokwigera ahava. Avuga ko ubuzima bwiwe bwose azokwama yemeza ko ico kiringo kitari gikurikije amategeko. Agahamagarira Abarundi kutemera kuba abaja b’uwo ari we wese. Simon Ntamwana akibutsa ko ari na co gituma Inama y’abepiskopi yidohoye mu matora yakurikiye, kugira ntije gufasha kwemeza ubusuma. Ivyo akaba yabivugiye kuri radiyo Ijwi rya Amerika.