Amakuru
7 juillet 2023

Abana bategerezwa gucandagwa ubukangwe mu kwezi kwa Ruheshi bararonse urucanco ku rugero rukwiye

Kutamenya akamaro k’urucanco hamwe n’ukwemera ibintazi ni vyo bituma hari abavyeyi bamwe bamwe badacandagisha ibibondo ngo babikingire indwara y’ubukangwe. Bivugwa na Muganga Olivier Nijimbere, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Amagara y’abantu. Hari mu nama yabaye kuri uyu wa kabiri kugira barabe uko isekeza ryo gucandaga indwara y’ubukangwe ryabaye mu kwezi kwa Ruheshi ryagenze. Muganga Olivier Nijimbere amenyesha ko muri iryo sekeza ubushikiranganji bw’Amagara y’abantu bushima uko ryitabiriwe.