Amakuru
17 août 2023

Abana barenga imiliyoni 2,5 ni bo bitezwe gucandagwa indwara y’ubukangwe

Abana barenga imiliyoni zibiri n’igice ni bo bitezwe gucandagwa kuva kuri uyu wa kane igenekerezo rya 17 Myandagro gushika ku wa 22 uku kwezi nyene mu Burundi. Bazokingirwa indwara y’ubukangwe imaze n’ukwibonekeza mu bice bimwe na bimwe. Muganga Olivier Nijimbere, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’Amagara y’abantu, amenyesha ko hari igice cari casigaye kidacandazwe mw’isekeza rya mbere, bakaba barindiriye abarenga 800 batashoboye gukingirwa kubera ukwemera ibintazi kw’imwe mu miryango y’Abarundi.