Amakuru
1 décembre 2021

Abamenyeshamakuru ni ikiraro co kwigisha ukurwanya amabi afatiye ku gitsina

Abamenyeshamakuru bamenye amategeko afasha mu kurwanya amabi akorwa afatiye ku gitsina vyofasha mu kuyatuza. Bivugwa n’umumenyeshamakuru Floriane Irangabiye, yakwirikiye inyigisho zerekeye ivyo amategeko mpanavyaha y’Uburundi na mpuzamakungu ategekanya mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina. Izo nyigisho zikaba zari zateguwe n’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS) bafadikanije n’Urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe amabi ahanwa na sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CAVIB) ku magenekerezo ya 29 na 30 Munyonyo uno mwaka. Floriane Irangabiye akanashima ayo mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu kuba yaratunganije isekeza ry’iminsi 16 ryo kurwanya amabi afatiye ku gitsina.