Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS) n’urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe ivyaha bihanwa n’amasentare mpuzamakungu (CAVIB), baratunganije kuva ku ma genekerezo ya 29 na 30 Munyonyo inyigisho ku baharanira agateka ka zina muntu n’abamenyeshamakuru. Mu gihe isi ikiri mu minsi 16 yahariwe guhimiriza no kurwanya amabi akorerwa abakenyezi, umushingwamanza Gustave Niyonzima, arongoye urunani CAVIB, yizera ko abitavye izo nyigisho bahakuye ubumenyi buzobatuma bamenya guhimiriza aberwa bose n’ico gikorwa ngo bijukire kurwanya ayo mabi yabaye umurengera mu gihugu.
Amakuru
1 décembre 2021