Amakuru
2 novembre 2022

Abakozi bize muri kaminuza za leta ku ngurane bategerezwa gusubiza vuba iyo ngurane

Abaronkejwe ingurane mu kwiga muri kaminuza za leta basabwa gusubiza ayo mafaranga ku bamaze kuronka akazi. Vyasabwe n’umushikiranganji w’Indero, François Havyarimana, akaba yabishikirije mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, ashikiriza ivyaraguwe n’ubwo bushikiranganji mu gice ca mbere c’umwaka wa leta. Arongera akamenyesha ko igihe ayo mafaranga yorihwa neza, azoheza agafasha abandi banyeshure bari inyuma y’abo.