Amakuru
22 septembre 2021

Abakobwa barenga 1.700 barahevye amashure kubera inda z’indaro

Abanyeshure barenga 1.700 biga mu mashure shingiro hamwe n’ay’inyuma y’ishure shingiro nibo bahagaritse amashure mu mwaka w’ishure w’2019 ushira uw’2020. Inda z’indaro hamwe no kuja kurongorwa hataragera biri mu bibituma nk’uko biri mu cigwa c’inama nkenguzamateka y’Uburundi yagize mu mashure atandukanye mu gihugu. Jacques Nshimirimana umwe mu bagize umurwi w’igihugu uraba ibijanye n’agateka ka zina muntu yakurikiranye ivyavuye muri ico cigwa, yemeza ko ahanini ukudahana ababa batwaje inda abo banyeshuri ari vyo bituma n’abandi barwa muri uwo mutego.