Amakuru
22 novembre 2021

Ugukura abana mw’ibarabara bikwiye kuba ihangiro rya leta

Gukura abana mw’ibarabara ni ikibazo co kwitondera, kuko umwana wo mw’ibarabara ameze nk’abandi bose. Vyashikirijwe na Jacques Nshimirimana, arongoye igisata kijejwe agateka k’abana mu murwi w’igihugu ujejwe guharanira agateka ka zina muntu mu Burundi (CNIDH). Arongera akavuga ko iki gikorwa kiri muri bimwe bizoshirwa mu ngiro mu mwaka w’2022 mu gihe uburyo bwashizweho n’ubushikiranganji bwo gufatana mu nda hamwe n’igisata kijejwe agateka k’abana bwo guhangana n’ico kibazo buzoba bwemejwe n’inama nshingamateka.