Amakuru
31 août 2022

Abakenyezi ni bo bategerezwa kuva hasi bagaharanira uburenganzira bwabo

Abakenyezi bakwiye kumenya ko uburenganzira ata wubuhabwa atabuharaniye bakava hasi bagaharanira gutorana. Bivugwa n’umushingwamanza Jeanne d’Arc Zaninyana, arongoye Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi. Hari mu kiganiro yagiranye na Télévision Renaissance. Ahamagarira kandi abashingamateka kwibuka ko mu babatoye harimwo abakenyezi n’abigeme, maze bagatora itegeko ribaha uburenganzira bumwe na basaza babo mu gutorana.