Amakuru
9 mars 2022

Abakenyezi n’abigeme baranyuruzwa, biyongera ku bagabo, umuhari MFFPS uravyiyamiriza

Abakenyezi 8 barishwe, abana 6 barafatwa ku nguvu harimwo na babiri b’abahungu, abakenyezi 3 nabo baranyuruzwa. Biri mu cegeranyo c’amabi yakozwe mu kwezi kwa Ruhuhuma 2022 cakozwe n’Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS). Me Jeanne d’Arc Zaninyana, umunyamabanga mukuru w’uwo muhari, akavuga ko ukudahana abakora ayo mabi ari vyo bituma ataranduranwa n’imizi.