Amakuru
8 septembre 2021

Abakenyezi n’abigeme 8 baragandaguwe, abandi 5 barafatwa ku nguvu mu kwezi kwa Myandagaro 2021

Abakenyezi n’abigeme bagera kuri 5 barafashwe ku nguvu, 8 baricwa, n’abandi 2 bahagarikwa bidaciye mu mategeko. Ivyo bitigiri bikaba biri mu cegeranyo c’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekeno mu Burundi MFFPS gisohorwa uko ukwezi guheze. Me Immaculée Hunja, arongoye uwo muhari, asaba leta y’Uburundi gukurikiza amategeko akingira agateka ka zina muntu kugira abakora ayo mabi bose bahanwe.