Amakuru
5 novembre 2021

Abakenyezi n’abigeme 11 barafashwe ku nguvu, 7 baricwa kubw’icegeranyo ca buri kwezi ca MFFPS

Abakenyezi n’abigeme bagera kuri 11 barafashwe ku nguvu, 7 baricwa bunyamaswa, 6 barahohoterwa n’abagabo babo. Ivyo bitigiri ni bimwe mu biri mu cegeranyo c’ukwezi kwa Gitugutu 2021 casohowe n’umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS). Me Immaculée Hunja, arongoye uwo muhari, agasaba leta y’Uburundi guhana vy’akarorero abo bose bakora ayo mabi.