Amakuru
10 décembre 2021

Abakenyezi baserukira abandi bakwiye gufata iya mbere mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina

Abarundikazi bose barahamagariwe kuva mu gacerere bakiyamiriza ukudahana abakora amabi akorerwa abakenyezi. Bivugwa n’umushingwamanza Immaculée Hunja, arongoye Umuhari w’abakenyezi n’abigeme baharanira amahoro n’umutekano mu Burundi (MFFPS) mw’ikete bandikiye abakenyezi b’Abarundikazi b’imboneza bafadikanije n’Urunani rw’abashingwamanza baburanira abakorewe ivyaha bihanwa n’amasentare mpuzamakungu mu Burundi (CAVIB). Muri iryo kete, ayo mashirahamwe arasaba Abarundi bose kuja hamwe bakarwanya burundu amabi akorerwa abakenyezi.